Page Nav

HIDE

Breaking News:

latest

Ads Place

INTAMBARA HAGATI YA CONGO NA N'UMUHARI M23 IGIYE GUHINDURA ISURA

  kuvaho habereye inama y'ibihugu bigize EAC . hagati y'igihe kitari gito hari imirwano hagati ya RDC n'Umuhari M23 ,Benshi mub...

 kuvaho habereye inama y'ibihugu bigize EAC. hagati y'igihe kitari gito hari imirwano hagati ya RDC n'Umuhari M23,Benshi mubanye Congo bavuga ko woba ufashwa n'Urwanda,aho mbere bimaze kuzana icuka kitari ciza hagati yivyo Bihugu Vyompi;imyiyerekano kuruhande rwa GOMA kumupaka wa Congo n'urwanda; hari n'abanyagihugu bamaze kuhasiga ubuzima, bazira ko boba bakomoka mugihugu c'Urwanda,


   Aho bigeze benshi baribaza aho bigiye guherera, kuko Umuhari M23 uboneka nkuwaje witeguye,aho mbere umaze kwigarurira uturere tutari duke muri Congo.

Bivanye nicuka kibi gihari haramaze nokuba guterana amajambo hagati yaba nabariya eka mbere naho bamwe mubashingamateka batowe muntara bamaze no gusaba ko hosinywa urwete rwemeza itangurwa ry'intambara Hagati y'igihugu ca Congo n'Urwanda.

nabasirikare baba jenerari bamwe bamwe baramaze gusaba impusha yo gutanguza iyo ntambara.

Felix Tshisekedi,ari nawe atwara igihugu ca RDC abicishije mungendo ya kidipolomasiya akaba yasavye bivanye Ibihugu bihuriiye muri EAC nuko hikekwa ko inguvu Umuhari M23 ufise woba ufashwa naho bamwe canke aba batavyemeza;nkuko Congo nayo yinjiye mumurwi Ugizwe na Africa y'ubuseruko EAC,ico kibazo bo gihagurukira bhakaboneka amahoro n'ituze mugihugu ca CONGO eka n'uturere tugasubizwa; n'umuhari M23 ugashira hasi ibirwanisho.

munama yakoranije abarongoye ibihugu bigize Africa y'ubuseruko ''EAC'' barize hamwe ibijanye no kugarukana amahoro muri congo,bakaba bahurijeko kurungika inteko za gisirikare za EAC kugarukana amahoro muri congo no kurwanya umuhari M23.

ariko bigasabwako Urwanda rutemerewe kurungika abasirikare barwo muri uyo murwi.

nubwo ivyo vyashitsweko benshi baribaza uko intambara yo muri congo igiye kugenda;

kuko numurwi M23 udashimishwa nivyahurijweko n'umurwi wabakuru bibihugu bigize africa y'ubuseruko EAC,ukiyemeza gukomeza ibitero vyo kwigarurira utundi turere.


mwibukeko harimwo n'igisirikare ca MONUSCA kiriko kirafasha kuruhande rwi
gisirikare ca CONGO .

Naho bamwe bafata ko ituze rishobora kuboneka,abandi barabona ko Intambara ishobora kuhatwara vyinshi kuberako bizosaba inguvu zitagira uko zingana,hamwe n'ibikoresho bikomeye vy'intambara,mugihe umuhari M23 woba uriko uhangana n'igisirikare ca EAC.


Siga iciyumviro cawe muri commentaire


ليست هناك تعليقات

Latest Articles