Page Nav

HIDE

Breaking News:

latest

Ads Place

Ubwigenge bwo kumenyesha amakuru: U Burundi buza mukibanza cambere mu karere muri raporo nshasha

Raporo y'uyu mwaka wa 2023 ku bwigenge bwo kumenyesha amakuru kwisi ishira u Burundi mukibanza ci 114 n'amanota 52.14 ku 100, ca mbe...




Raporo y'uyu mwaka wa 2023 ku bwigenge bwo kumenyesha amakuru kwisi ishira u Burundi mukibanza ci 114 n'amanota 52.14 ku 100, ca mbere mu karere, 180 vyakorezweho amatohoza.

Muri iyi raporo y'umuryango Reporters Sans Frontières (RSF) yasohotse kuri uyu munsi mpuzamakungu w'ubwigenge bwokumenyesha amakuru, u Rwanda rwateye intambwe mu mwanya ugereranyije n'umwaka uheze.

Mu 2022, RSF yashize u Rwanda ku mwanya wa 136, mu gihe u Burundi bwari ku mwanya wa 107.

RSF ishira mu gicapo c'ibara rya orange ryijimye ibihugu "aho bigoye" gukorera no gutangaza amakuru, ni ukuvuga ibifise amanota ari hagati ya 40 ku 100 na 55 ku 100.

Kenya ni yo yasubiye inyuma cane mu mwanya mu karere, aho muri raporo ya RSF mu mwaka uheze yari ku mwanya wa 69.

Ibihugu 6 vya mbere mu karere:

  1.  U Burundi (umwanya wa 114 ku isi)
  2. . Kenya (umwanya wa 116 ku isi)
  3. . DR Congo (umwanya wa 124 ku isi)
  4.  U Rwanda (umwanya wa 131 ku isi)
  5.  Uganda (umwanya wa 133 ku isi)
  6. .Tanzania (umwanya wa 143 ku isi)


Ibihugu 5 vya mbere ku isi

1. Norvège (Norway)


2. Ireland


3. Denmark


4. Suède (Sweden)


5. Finland


Ibihugu 5 vya nyuma ku isi

176. Turkmenistan


177. Iran


178. Vietnam


179. Ubushinwa


180. Koreya ya Ruguru


Ubwiyongere bw'amakuru ayovya

RSF ivuga ko raporo ku bwigenge bw'itangazamakuru iba ijanye n'uko bumeze muri ivyo bihugu mu mezi 12 y'umwaka usanzwe (kuva muri kigarama kugeza mu ndamukiza) mbere y'igihe raporo itangarijwe.


Ariko RSF ivuga ko raporo yayo ari "ishusho nyakuri" y'uko ibintu bimeze.


RSF ivuga ko  amakuru atari yukukuri agamije kuyovya bikomeje gukwirakwira muri Afurika yo hepfo y'ubugararwa bwa Sahara.


Nko mu ntara ya Kivu ya Ruguru mu burasirazuba bwa DR Congo, RSF ivuga ko abanyamakuru bisanga bashiriweho amategeko agira ivyo ababuza gutangaza, ashirwaho n'inyeshamba za M23 hamwe n'ayashirwaho na leta y'ico gihugu.


Hagati y'ukwezi kwa Nzero mu 2022 na ntwarante mu 2023, RSF ivuga ko abanyamakuru batanu bishwe bijanye n'akazi kabo muri Cameroun (iri ku mwanya wa 138), Kenya, Somalia (iri ku wa 141) n'u Rwanda.


Uyu muryango uvuga ko nubwo amaperereza atangira, buri gihe atageza ku kumenya uwishe abanyamakuru, nko ku rupfu rw'umunyamakuru w'Umunyarwanda John Williams Ntwali, rwatangajwe na polisi muri ruhuhuma uyu mwaka, n'urwa Martinez Zogo wo muri Cameroun.


Mu Burundi, RSF ivuga ko igifungo "gikaze cane" c'imyaka 10 cakatiwe umunyamakuru Floriane Irangabiye wo kuri radio, catumye iki gihugu gikomeza kuba mu myanya yo hasi kuri uru rutonde.


RSF ivuga ko nubwo ubu ibihugu hafi 40% muri Afurika biri mu ciciro cy'"aho bigoye" gukorera itangazamakuru (ugereranyije na 33% mu 2022), hari intambwe yatewe mu bihugu nka Niger (iri ku mwanya wa 61) na Uganda.


Muri Niger, RSF ivuga ko itegeko rihana ivyaha vyo kuri internet ryakoreshwaga mu gufunga abanyamakuru, ryavuguruwe muri Kigarama (6) mu 2022.


No muri Uganda, RSF ivuga ko urukiko rurinda ibwirizwanshingiro rwanse ingingo yo mu itegeko ku ikoreshwa nabi rya internet, yahana nk'icaha gutangaza "amakuru y'ibinyoma" ("fake news").


Aucun commentaire

Latest Articles